Amakuru
28 mars 2022

Ekleziya katolika irarajwe ishinga n’ingingo yafatiwe abagendesha amapikipiki, amakinga na tukutuku

Ekleziya catolika iranegura ingingo yafashwe yo kubuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku gukorera mu bice bimwe bimwe biri mu gisagara ca Bujumbura. Ku bwa musenyeri Joachim Ntahondereye, ngo bishobora gutuma haba amacakubiri hagati y’abantu. Uwo arongoye Inama nkuru y’abepiskopi mu Burundi, yabivuze mu nsiguro y’ijambo ry’Imana y’imisa yo kuri uyu w’Imana uheze.