Amakuru
16 décembre 2022

ECOBANK ishobora kuba yarafashe inzu y’umuryango wo mu Kinindo hahonyanzwe amategeko

Ibanki Ecobank Burundi iragirizwa gutanga ibiturire mu rubanza ruyihuza n’umuryango wa Vincent Niyubuntu. Ababanyi b’uwo muryango babivuga bafatiye kuri bimwe bimwe, cane cane nk’ukubona uwo muryango uyisaba kuyiriha amafaranga yari asigaye kugira abo uwo muryango wari watije impapuro z’inzu ideni rihere ariko iyo banki ikavyanka. Ikindi na co, iyo nzu banki ishaka kuyidandaza ku giciro kiri hasi cane. Ikindi gitera amakenga abo babanyi ni uko bamwe mu bagize urunani rwatijwe izo mpapuro ata co binona kandi ari bo basavye iryo deni, ariko Ecobank ikaguma ishaka gufata iyo nzu y’uwatije impapuro, kandi na bo nyene bafise amatungo yabo yoshobora gufatwa.