Dominic Ongwen, umwe mu bategetsi b’umuhari urwana LRA yaciriwe urubanza kuri uno wa 04/02/2021 na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara. Akaba yakurikiranwa ku vyaha bigera kuri 61 bigizwe n’ivyaha vyo mu ntambara be n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa, ivyaha vyakozwe n’umuhari urongowe na Joseph Kony, mu buraruko bw’igihugu ca Ouganda hagati y’umwaka w’2002 n’2005. Abantu bagera ku bihumbi 250 nibo bakozweko n’ivyo vyaha CPI yagirije Dominic Ongwen. Dominic Ongwen akaba yishikanye ku gisirikare ca Ouganda mu mwaka w’2015, inyuma yo kugabishwa kwicwa n’uwari amurongoye Joseph Kony
Amakuru
5 février 2021