Amakuru
3 novembre 2022

Diaspora yashize icicaro cayo i Bujumbura igizwe n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi

Nta shirahamwe ry’Abarundi baba hanze, ivyo bita diaspora, rigiye gukorera i Bujumbura. Bivugwa na Pacifique Ndayisaba, asanzwe ari mu barongoye ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu ca Australie. Asigura ko ari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi basanzwe bari muri diaspora bagomvye kwiyitirira ishirahamwe ry’Abarundi baba hanze, kugira bashobore gukorera neza umugambwe uri ku butegetsi.