Amakuru
16 avril 2022

Corona iracakaze, ayo mafaranga yandi Ibanki y’isi igira itange yokoreshwa mu kuyirwanya

Leta y’Uburundi irihenda cane, kuko ikiza ca Corona ntikiracureha. Amafaranga imiliyoni 60 z’amadolari Ibanki y’isi yimirije guha Uburundi yotegerejwe rero gukoreshwa mu gukingira abanyagihugu. Ako ni akagohe ka Come Konakuze, umuhinga mu gukinga ingwara z’ibiza. Aho akaba anegura aho umushikiranganji w’Amagara y’abantu yamenyesheje ku munsi wa kane ko leta igiye kubaza iyo banki ko batoshobora gukoresha ayo mafaranga mu bindi bisata. Akagirako anatera ivyatsi amajambo yo guhakana ineza y’incanco z’ico kiza, afatiye ku majambo aheruka gushikirizwa n’uwurongoye Inama nshingamateka.