Amakuru
7 novembre 2022

COP27, icizere ko hagiye kwigwa ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe

Kuri uyu w’Imana, ni ho hatangura inama mpuzamakungu bita COP27 ku bijanye n’ibibazo biterwa n’ihindagurika ry’ikirere. Iyo nama iba inyuma y’imyaka 6, ifise intumbero yo kwiga no kwihweza ingaruka z’iryo hindagurika. Ibihugu hafi 200, harimwo n’Uburundi, bikaba ari vyo vyitabiriye iyo nama iriko irabera ubwa mbere ku mugabane wa Afrika, mu gisagara ca Sharm el-Sheikh, mu gihugu ca Misiri.