Amakuru
30 mars 2022

Congo yemerewe kwinjira mu muryango w’ibihugu vya EAC kuva kuri uyu wa 29 Ntwarante 2022

Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yinjiye bwite mu muryango w’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ntwarante 2022. Kibaye igihugu kigira 7 mu bigize uwo muryango ciyongera kuri Kenya, Tanzaniya, Ubuganda, Urwanda, Uburundi na Sudani y’epfo. Bikaba vyabereye mu nama y’abakuru b’ibihugu igira iya 19 yabaye kuri uyu wa kabiri hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Umukuru w’Igihugu ca Congo, Félix Antoine Tshisekedi, akaba yagaragaje akanyamuneza kw’izina ry’Abacongomani. Yanamenyesheje ko kubera urunani rw’ivyo bihugu hagiye kuba akarusho kadasanzwe mu vy’ubudandaji.