Amakuru
16 novembre 2023

Congo na Sudani y’Epfo biri mu vyaganiriwe n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Somaliya (Shingiro)

Umutekano muke mu karere uri mu vyafashe umwanya munini mu biganiro vyabaye hagati y’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi Evariste Ndayishimiye na Somalia Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya mu rugendo yagize mu Burundi ku munsi wa gatatu. Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, mw’itangazo yasohoye inyuma y’ivyo biganiro, amenyesha ko bimwe mu vyo bagarutseko cane ari ikibazo ca Congo hamwe na Sudani y’Epfo. Bakaba basavye ko amakungu yoterera mu gufasha gutora umuti w’ivyo bibazo.