Journal
20 janvier 2023

Congo iriko iranigira mu menshi amasezerano y’i Nairobi yo guhagarika intambara hagati yayo na M23

Leta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ni yo iriko yanka ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Nairobi hagati yayo n’umurwi wa M23. Biri mw’itangazo ryasohowe na leta y’Urwanda kw’igenekerezo rya 19 Nzero. Alain Mukurarinda, icegera c’umuvugizi wa leta y’Urwanda, avuga ko leta ya Congo ikoresha imvugo yo kwagiriza Urwanda ko ari rwo ruteye umutekano muke mu karere mu ntumbero yo kwanka gushira mu ngiro ivyo yiyemeje muri ayo masezerano. Hari mu kiganiro Alain Mukurarindi yatanze ku mboneshakure y’igihugu c’Urwanda.