Amakuru
18 janvier 2021

Côme Niyongabo, umukukuruke mu gisirikare ca kera ex-FAB yarishwe kuri uno wa gatandatu mu masaha y’inyuma y’isaha zitandatu z’umutaga

Côme Niyongabo, umukukuruke mu gisirikare ca kera ex-FAB yarishwe kuri uno wa gatandatu mu masaha y’inyuma y’isaha zitandatu z’umutaga. Bikaba vyakozwe n’abapolisi bafatanije n’igisirikare. Uwo yahoze ari igisongerezi mu gisirikare, yiciwe ku musozi Gishiha, zone Maramvya, komine Burambi, province Rumonge. Amakuru ava ng’aho avuga ko Côme Niyongabo  yari amaze iminsi aronderwa n’igipolisi. Ayo makuru nyene avuga ko igipolisi cari cemeye n’ukuzotanga  amafranga 3.500.000 FBU ku muntu azokwerekana ahari Côme Niyongabo.