Amakuru
14 mars 2023

CNL isaba ko ibikorwa vyo kwubaka ingomero zizotanga umuyagankuba bisozerwa

Nta terambere rishoboka mu gihugu kitarimwo umuyagankuba ukwiye. Ni ibishikirizwa na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL. Akaba yabivuze kuri uyu w’Imana aho uwo mugambwe wari mw’ikoraniro risanzwe. Agathon Rwasa agasaba leta gusozera ingomero zizotanga umuyagankuba yemereye Abarundi kugira baronke umuyagankuba ukwiye wo kurangura ibikorwa bibateza imbere.