Amakuru
23 février 2022

CNIDH, umurwi ushigikiwe n’umukuru w’Igihugu

Icegeranyo giherutse gushikirizwa n’Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH n’aho ciyamirijwe n’umukuru w’Inama nshingamateka, kirashigikiwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Ivyo ni ibishikirizwa na Pierre Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH, yahungiye mu gihugu c’Ububiligi. Abivuga afatiye ku nyishu yahawe na Evariste Ndayishimiye igihe ahura n’Abarundi baba mu Bubiligi ku wa gatandatu uheze. Ndayishimiye akaba yaremeye ko agiye kubandanya akwirikirana ibiri muri ico cegeranyo, Mbonimpa akizera ko abavugwa muri ico cegeranyo ku bwicanyi bwabaye bashobora gukurikiranwa.