Amakuru
29 décembre 2023

CNIDH iriyamiriza ubwicanyi bwabereye mu Gatumba, igasaba amatohoza kugira ababukoze bahanwe

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH uratera ivyatsi igitero giheruka c’abantu bitwaje ibirwanisho cahitanye ubuzima bw’abantu 20 mu karere ka Vugizo, zone Gatumba, muri komine Mutimbuzi. Afatiye kw’itangazo uwo murwi washize ahabona kuri uno wa kane, Sixte Vigny Nimuraba, arongoye umurwi CNIDH, asaba leta ko hokorwa amatohoza yihuse kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane, bongere bashengezwe mu butungane.