Amakuru
24 novembre 2021

CNIDH irakurikiranira hafi ihagarikwa rya Béatrice Nyamoya ariko ntizi impamvu z’iryo hagarikwa

Ifatwa rya Béatrice Nyamoya, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, ngo ririko rirakurikiranwa n’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH). Sixte Vigny Nimuraba, arongoye uwo murwi CNIDH, aremeza ko uwo murwi uzi aho uwo mukenyezi apfungiwe. Ariko rero akavuga ko icatumye Béatrice Nyamoya ahagarikwa kitaramenyekana ariko ko bakirindiriye ikizova mu matohoza inzego z’umutekano ziriko zirakora. Ivyo akaba yabivuze aho yariko yishura ku bibazo vy’umumenyeshamakuru wa Radiyo BBC Gahuzamiryango.