Amakuru
19 novembre 2022

CNDD-FDD yashikiriye ubutegetsi biciye mu biganiro, n’aho babesha ko batsinze intambara

Umugambwe CNDD-FDD washitse ku butegetsi inyuma yo gutsinda urugamba kubera rwari urugamba rugizwe ahanini n’incabwenge. Ivyo vyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu c’Uburundi, hari kuri uyu wa gatatu, igihe uwo mugambwe wari uramutse utanguza indwi yahariwe umurwanyi. Ariko ku bwa Professeur Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe na leta, umugambwe CNDD-FDD ntiwigeze utsinda urugamba uretse ko abarwanyi bawo baza barategera abahita kugira bagandagure abo mu bwoko bw’Abatutsi.