Amakuru
30 mai 2023

CNDD-FDD itegerezwa kwemanga ko idashoboye gutwara igihugu

Umugambwe CNDD-FDD warataye umurongo, ntushobora gutwara Abarundi. Ivyo bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho umwe mu barongoye CNDD-FDD mu Gihungwe, komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, atereye ubwoba abanywanyi b’uwo mugambwe uri ku butegetsi, ababwira ko bazokwibonerako bahirahiye bagakota amazu yabo kuri CNL. Frédéric Bamvuginyumvira akavuga ko ata kwihanganiranira kukibaho ku ntwaro ya CNDD-FDD.