Amakuru
15 septembre 2022

CNDD-FDD ishaka kwigarurira urwego rw’abahuza bo ku mitumba kugira rucinyize abo batavuga rumwe

Amatora y’abahuza bo ku mitumba ngo nta kindi agamije atari uko umugambwe CNDD-FDD ushaka kwigarurira urwego rwahora rwigenga mu gutatura amatati rukaba urwego rwegukira umugambwe kugira rucinyize abatari mu mugambwe uri ku butegetsi. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Ni inyuma y’aho imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi imenyeshereje ko yakumiriwe muri ayo matora yabaye ku munsi wa mbere. Ku bwiwe, ngo ingaruka ni uko abanyagihugu benshi batazokwiyumvamwo abagize urwo rwego.