Amakuru
6 juin 2023

CNDD-FDD iriko ihungabanya CNL kubera ubwoba ifise bwo gusubira gutsindwa mu matora yimirije

Ingendo y’ubutegetsi mu gufata nabi CNL ni ikimenyetso c’ubwoba CNDD-FDD ifise ku matora yimirije. Ku bwa Chauvineau Mugwengezo, umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga, ivyo leta ibikora mu guhungabanya uwo mugambwe batavuga rumwe kubera bazi inguvu za Agathon Rwasa amaze kubatsinda mu matora ahitiye. Chauvineau Mugwengezo avuga ko ugushaka gusambura CNL ahubwo ari vyo biwuha inguvu gusumvya.