Amakuru
18 novembre 2021

CNDD-FDD irashima ko abafashwe bashaka guhungabanya igihugu baca bicwa ubwo nyene

Umugambwe CNDD-FDD waraye utanguje ku munsi w’ejo igenekerezo rya 16 Munyonyo 2021 ibikorwa vy’indwi yahariwe umurwanyi. Ibirori vyo gutanguza iyo ndwi vyabereye mu ntara ya Bubanza ahashizwe ingori z’amashurwe ku cibutso c’umurwanyi kiri muri komine ya Mpanda. Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, yavuze ko intumbero bari bafise bagitanguza urugamba bayishitseko n’aho benshi bibaza igituma batafashe igihugu n’umuheto. Yanavuze ko uwiyumvira guhungabanya umutekano baca bamunyarutsa.