Amakuru
20 janvier 2024

CNDD-FDD iraba ivyo ikora vy’iterabwoba akaba ari vyo yagiriza abo bitavuga rumwe (UPD-Zigamibanga)

Kwagiriza abaharanira gusubiza iteka amasezerano ya Arusha ko bari mu mirwi y’iterabwoba kurateye isoni. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Abivuze inyuma y’aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse avugiye ko harimwo imirwi y’iterabwoba mu migambwe iherutse gushira igikumu ku rwandiko rusaba abakuru b’ibihugu vyo mu karere gufasha kugira amasezerano ya Arusha asubizwe iteka. Mugwengezo amenyesha ko iyo ngendo ya leta itabaca intege kuko bagiye kubadanya urugamba batanguye rwo kugarukira amasezerano ya Arusha.