Amakuru
17 novembre 2022

CNDD-FDD gushika n’ubu iracigenza nk’umurwi w’abarwanyi, inyuma y’imyaka 17 ishikiriye ubutegetsi

N’aho umurwi FDD wateye igikumu ku Masezerano yo guhagarika intambara, ntivyari bivuye ku mutima. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Abivuze kuri uyu wa 16 Munyonyo, mu gihe haheze imyaka 19 ayo masezerano ashizweko igikumu hagati ya leta yari iriho ico gihe n’umuhari CNDD-FDD wari witwaje ibirwanisho. Chauvineau Mugwengezo akavuga ko ivyo bigaragarira ku kuntu CNDD-FDD yabandanyije ubwicanyi aho ishikiye ku butegetsi mu mwaka w’2005.