Amakuru
17 juillet 2024

CNARED yisunze ibibazo igihugu kirimwo isaba ko leta ya Ndayishimiye yotanga imihoho

Ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye n’abo bari kumwe mu kurongora igihugu bakwiye gutanga imihoho hakiri kare canke na ho inzego z’umutekano hamwe n’urwaruka bafate ibintu mu minwe kuko ubwo butegetsi bwananiwe gutorera inyishu ibibazo vyinshi bihanze igihugu n’Abarundi. Ivyo biri mu vyashikirijwe mu mwiherero w’urunani CNARED-Giriteka ruhurikiyemwo abanyepolitike batavuga rumwe na leta y’Uburundi. Urwo runani rukerekana ko abatwara igihugu muri kino gihe cabananiye uravye ubukene butagira izina bw’ivyankenerwa buri mu Burundi. Onésime Nduwimana, umunyabanga shingwabikorwa wa CNARED, akavuga ko akarwi k’abasirikare karongoye igihugu karengewe n’ibibazo vy’igihugu ari na co gituma umukuru w’Igihugu yama yidoga iminsi yose ata nyishu atanga.