Mu ntumbero yo gukomeza amahoro n’ubukerarugendo mu karere k’ibiyaga binini, ishirahamwe CIRID rishira imbere inzira y’ibiganiro mu Burundi, ryaratunganije inama mpuzamakungu yitiriwe ikiyaga Tanganyika igira gatatu. Vyamenyeshejwe na Déo Hakizimana, yatanguje CIRID. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 14 Ndamukiza. Déo Hakizimana amenyesha ko iyo nama izoba mu kwezi kwa Myandagaro uno mwaka turimwo izogirira akamaro igihugu cacu hamwe n’akarere kose.
Amakuru
19 avril 2023