Ikiza ca choléra kibandanya kurwirirana mu gisagara ca Bujumbura. Abantu 12 barabonetse ko banduye ico kiza ku munsi wa mbere. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu ku munsi wa kabiri. Muganga Polycarpe Ndayikeza ahamagarira abanyagihugu bo mu bice bitandukanye vyamaze gushikirwa n’ico kiza gufata ingingo zituma birinda ko bafatwa. Abo 12 bakaba biyongereye ku bandi bari bamaze gufatwa n’ico kiza kuva gitera mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru
7 septembre 2023
