Indwara ya choléra irakira iyo ivuwe kare. Ivyo bivugwa n’umuhinga mu vy’indwara z’ivyaduka, Come Konakuze. Avuga ko mu Burundi ico kiza kiva ku bituma vyinshi, ariko vyose ngo bikava ku bukene bwugarije abanyagihugu. Come Konakuze agafatira kw’ibura ry’amazi rituma haba isuku rike, maze abantu ugasanga bariko bakoresha amazi arimwo imicafu ituma bandura umugera wa choléra. Ariko rero ngo ico kiza kirashobora gutuzwa. Inyishu nyamukuru ni uguhimiriza abanyagihugu ku kungene bokwigenza muri bino bihe, hanyuma leta igashinga umurwi ukurikirana ku munsi ku munsi uko ico kiza kiriko kirarwanywa. Aho ni mu gihe abanyagihugu boba bamaze guhabwa ivyangombwa kugira birinde iyo ndwara kandi ntibayikwiragize.
Amakuru
20 mai 2024