Amakuru
17 décembre 2021

CFOR-Arusha iriyamiriza ipfungwa ry’abantu 6 bazira kubaza ababo bari bapfungiwe i Gitega

No mu rundi runani narwo nyene rutavuga rutavuga rumwe na leta CFOR-Arusha bariyamiriza iyo ngendo. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, aranegura ipfungwa ry’abantu bahorwa ko bagiye kubaza inkuru z’ababo kw’ibohero rikuru ry’i Gitega, inyuma y’aho iryo bohero rihiriye hagapfira abanyororo isinzi.