Amakuru
14 mai 2024

CFOR-Arusha iriyamiriza ibitero vyabaye mu gisagara ca Bujumbura, igasaba amatohoza yigenga

Mu runani CFOR-Arusha baratera ivyatsi ibitero vy’amagrenade vyabaye mu mpera z’indwi iheze mu gisagara ca Bujumbura, bigakomeretsa abanyagihugu. Ariko bakaba baniyamiriza imvugo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano yo kwagiriza igihugu c’Urwanda iminsi yose habaye ibitero nk’ivyo. Frédéric Bamvunginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, agatangazwa n’ukuntu leta y’Uburundi yama yagiriza igihugu c’Urwanda kandi hasanzwe hariho abajejwe umutekano w’abanyagihugu. Bamvunginyumvira agasaba ko hoba umurwi wigenga ukora amatohoza ku bitero bimaze igihe biba mu gihugu kugira hamenyekane vy’ukuri ababikora kuko ikinyoma camaze kuba umugenzo wa leta igihe cose habaye ibitero.