Amakuru
18 février 2023

CFOR-Arusha iratera ivyatsi ipfungwa ridakwirikije amategeko ry’abaharanira agateka ka zina muntu

Ipfungwa ry’abantu batanu baharanira agateka ka zina muntu ryerekana ko mu Burundi hari intwaro y’umukazo. Bivugwa n’urunani CFOR-Arusha. Ni inyuma y’aho abo baharanira agateka ka zina muntu binjirijwe ibohero rikuru rya Mpimba kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye CFOR-Arusha, amenyesha ko bakiranye umubabaro iryo pfungwa.