Amakuru
9 janvier 2024

CFOR-Arusha iratera ivyatsi icipfuzo ca CNDD-FDD co gusubira ku ntwaro y’umugambwe umwe

Imigambwe myinshi iremewe mu Burundi, bitegekanywa n’ingingo ya 75 y’Ibwirizwa shingiro ryo ku wa 7 Ruheshi 2018. Ariko n’aho biri uko, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ubona ko imigambwe myinshi idindiza iterambere. Uripfuza gusigara wonyene mu gihugu nk’uko vyashikirijwe mu ntango y’indwi iheze n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe.
Mbe none demokarasi irashobora gutsimbatara mu gihugu hari umugambwe umwe ?