Imigambwe iri mu Burundi itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi co kimwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike nta bubasha bifise bwo kugira amanama canke imyiyerekano. Umugambwe CNDD-FDD ni wo wonyene ufise ijambo mu gihugu. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, aho avuga ko abarongoye igihugu baca kubiri n’amategeko kuko Ibwirizwa shingiro n’ayandi mategeko biha uburenganzira imigambwe n’amashirahamwe gutunganya amanama no kugira imyiyerekano iyo ari ngombwa. Frédéric Bamvuginyumvira abona ko igihugu gikwiye gutunganywa gushasha.
Amakuru
30 septembre 2023