Amakuru
14 août 2024

CFOR-Arusha iranegura ingingo y’umukuru w’Igihugu ku bijanye n’isuku rikorwa n’abakozi ba leta

Urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha ruranegura rushimitse itegeko riherutse gutangwa n’umukuru w’Igihugu risaba abakozi ba leta bose kwiharira ibikorwa vy’isuku mu bibanza bakoreramwo. Iyo ngingo ikaba ibonwa n’urwo runani nk’iyije kubangamira ibikorwa vya minsi yose vya leta. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, amenyesha ko ata gikorwa na kimwe categerezwa kubuza ibikorwa vya leta kubandanya. Abona ko ingendo y’umukuru w’Igihugu yo gufata ingingo gihutihuti, hako bimuha igihagararo c’indongozi nziza, ahubwo bigaragaza intege nke ziwe nk’umukuru w’Igihugu.