Ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro bikorwa mu gihugu cose, biri mu ntumbero y’umugambwe CNDD-FDD yo guhuma amaso abanyagihugu ko bariko baragirirwa ivyiza kandi ata bihari. Bivugwa na Ferederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, akaba yahoze ari n’icegera c’umukuru w’Igihugu. Asigura ko ivyo bikorwa ari nk’ukwiyamamaza kugira Abarundi biyumvemwo umugambwe CNDD-FDD kuko ata migambi iteza imbere abanyagihugu n’Uburundi bigeze bagira mu myaka yose bamaze ku butegetsi.
Amakuru
7 novembre 2023