Amakuru
23 janvier 2023

CFOR-Arusha imenyesha ko iruhishijwe n’amajambo y’umukuru w’Igihugu atagira ibikorwa

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesha ko agiye gufuta amasezerano yateweko igikumu n’abategetsi b’imbere yiwe, amasezerano avuga ko atuma abategestsi bamwe bamwe banyonora amatungo ya leta. Ivyo akaba yabivugiye i Gitega ku munsi w’Imana, mw’ikoraniro ry’umugambwe CNDD-FDD. Urunani CFOR-ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta rubona ko imvugo nziza za Evariste Ndayishimiye zidakurikirwa n’ibikorwa, zimaze kuruhisha Abarundi. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, avuga ko Abarundi bakeneye intwaro y’ibikorwa.