Amakuru
26 avril 2024

CFOR-Arusha ihagaritswe umutima n’amakuru ajanye n’ikwiragizwa ry’imipanga

Amakuru y’iyinjizwa n’ikwiragizwa ry’imipanga mu gihugu ku rwaruka rw’Imbonerakure arahagaritse umutima urunani rwa politike CFOR-Arusha, mu gihe hari abemeza n’abahakana ico gikorwa. Mw’itangazo urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi CFOR-Arusha rwasohoye ku munsi wa kabiri, rumenyesha ko ivy’imipanga, biba vyo bitaba vyo, hari abategetsi b’umugambwe CNDD-FDD bari babivuze imbere y’igihe ko Imbonerakure zokwitegurira intambara kandi ko zigiye kuronswa ibirwanisho. Fréderic Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, amenyesha ko amakenga atobura, agasaba umukuru w’Igihugu kuva mu gacerere agahumuriza Abarundi.