Amakuru
7 septembre 2023

CBDH/VICAR isaba Tanzaniya kwubahiriza amasezerano agenga impunzi yateyeko igikumu

Ihohoterwa rikorerwa impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ntirikiri agaseseshwarumuri. Ivyo ni ibiri mw’itangazo ryasohowe n’urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi. Bakavuga ko n’ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu na vyo nyene bidahengeshanya kuvuga ko agateka k’impunzi z’Abarundi katubahirijwe mu gihugu ca Tanzaniya. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi w’urunani CBDH/VICAR, agasaba y’uko igihugu ca Tanzaniya cokwikubita agashi kikubahiriza uburenganzira bw’impunzi z’Abarundi.