Amakuru
19 janvier 2024

CBDH/VICAR iratabariza impunzi zinjiranywe n’abakozi b’iperereza ry’Uburundi muri Tanzaniya

Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi, CBDH/VICAR ruratabariza impunzi ziba mu gihugu ca Tanzaniya ko hari umurwi ukorera iperereza ry’Uburundi warungitswe mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya bigira impunzi. Intumbero ngo ni iyo gufata abo bita ko batavuga rumwe na leta y’i Gitega, babanje kubagiriza y’uko bakorana n’umuhari urwana RED-Tabara, kugira bace batahukanwa mu gihugu. Muri iryo shirahamwe baributsa amabi nk’ayo yakozwe mu mwaka w’2020 aho impunzi nyinshi zanyurujwe izindi zijanwa i Bujumbura n’abakozi b’iperereza hahonyanzwe amategeko. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi wa CBDH/VICAR, ahamagarira leta kuvavanura n’iyo ngendo yo kubandanya batoteza impunzi, nyabuna bihutire gutora inyishu ku bibazo vyotuma impunzi zitahuka.