Amakuru
30 mai 2023

CBDH/VICAR iranegura ingingo yo kujana ku nguvu mw’ikambi impunzi zo mu miji muri Malawi

Urunani CBDH/VICAR ruhurikiyemwo abaharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi, ruratewe umutima uhagaze n’ingingo iherutse gufatwa na leta ya Malawi yo gushira mw’ikambi ya Dzaleka impunzi zose zaba hanze y’ikambi. Mw’itangazo urwo runani rwashize ahabona kuri uyu wa mbere, urwo runani rumenyesha ko iyo ngingo igiye gushira mu buzima bugoye izo mpunzi kuko zitazosubira kwikenura. Jean Bosco Vyizigiro, avugira CBDH/VICAR, agasaba leta ya Malawi guhagarika iyo ngingo ihonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu.