Amakuru
20 juin 2024

CBDH/VICAR irahagaritswe umutima n’ubuzima bubi bw’impunzi z’Abarundi zibayemwo mu karere

Amakungu arahimbaza kuri uno wa 20 Ruheshi umunsi wahariwe impunzi kw’isi. Ishirahamwe CBDH/VICAR rihurikiyemwo abaharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi, risanga impunzi z’Abarundi ziba mu makambi ari mu bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko zibayeho mu buzima bubi. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi wa CBDH/VICAR, aravuga nk’ibibazo vy’umutekano muke mu makambi ya Tanzanie, Congo na Kenya aho impunzi zibayeho mu bwoba, hakiyongerako inzara, kutavuzwa, hamwe n’abana baheba amashure kubera ukudafashwa.