Amakuru
9 août 2024

CBDDH iranegura ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryimonogoje mu gice ca mbere c’umwaka

Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe y’Abarundi aharanira agateka ka zina muntu CBDDH, ruratewe umutima uhagaze n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryakorewe abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru mu gice ca mbere c’umwaka w’2024. Aha CBDDH ikisunga ubutungane budatunganiriza bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bari mu buroko, guhagarika no gushaka kunyuruza no kwaka ubuzima abaharanira agateka ka zina muntu. Bertrand Ngendakuriyo, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe CBDDH, avuga ko ivyo vyose ata kindi bivako atari uko mu gihugu ata nzego zihari zikomeye kandi zigenga zikingira agateka ka zina muntu.