Amakuru
4 juin 2024

BRB yipfuza gushika ku bice 8% mw’iduga ry’ibiciro n’aho vyari kuri 16.5% mu gice ca mbere c’2024

Ibanki nkuru y’igihugu BRB yarafashe ingingo y’uko igiye kumanura urugero rw’iduga ry’ibiciro gushika ku bice 8%. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’iyo banki Edouard Normand Bigendako, mu nama yagiranye ku munsi wa gatanu uheze n’abakora mu gisata c’amabanki. Akavuga ko urwo rugero rwahora ku bice 16% mu gice ca mbere c’uno mwaka. Na yo igiciro mfatiro c’ibice 12% amabanki asabwa kugira ashobore kuronswa amafaranga mw’Ibanki nkuru y’igihugu nticahindutse mu ntumbero yo kworohereza amabanki.