Amakuru
24 février 2024

BRB yashizeho ikigega co gushumbusha abanywanyi b’amabanki mu gihe yohomba

Ubu amabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ahomvye hashinzwe ikigega co gushumbusha abanywanyi bayo. Vyatangajwe kuri uyu wa kane n’uwujejwe gukinga ihungabana ry’ubutunzi bw’igihugu mw’Ibanki nkuru y’igihugu. Alain Gildas Dushime amenyesha ko ico kigega cagiyeho mu ntumbero yo gukomeza umwizero hagati y’amabanki n’abanywanyi bayo.