Amakuru
29 mai 2021

Bisa n’uko hari ibibazo bibujijwe kubazwa mu nama nshingamateka

Bisa n’uko umengo hari ibibazo bibujijwe kubazwa mu nama nshingamateka. Ivyo abatari bake bakavyibaza inyuma y’ivyabereye mu Kigobe ku munsi wa kane igihe umushingamateka w’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa yatswe ijambo n’umukuru w’Inama nshingamateka ataraheza kuvuga. Uwo mushingamateka, Nicodème Nduwimana, yariko abaza ikibazo umuhuza w’Abarundi ku vyerekeye abanyororo baguma bapfunzwe imyaka n’imyaka kandi barahejeje ibihano baciriwe. Umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, yari yaramutse aja gutanga imbere y’abashingamateka icegeranyo c’ivyaranguwe n’urwego rwiwe mu mwaka w’2020.