Amakuru
9 octobre 2021

Birateza isoni Uburundi kubona hashirwa imbere abantu bazwi ko ataco bashoboye

Mu Burundi abarya ibiturire mu nzego za leta aho gukurwa mu mabanga yabo hama bagahanwa, bama nyabuna bashimirwa mu kuronswa ibindi bibanza binakomeye kurusha ivyo bakuwemwo. Ni mu gihe Albert Maniratunga, uwahoze arongoye ishirahamwe OTRACO, yari yahagaritswe n’umukuru w’igihugu ubu akaba yahawe ubuyobozi bukuru bwo gutwara abantu n’ibintu. Frederiko Bamvunginyura, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akabona ko igenwa rya Albert Maniratunga ari ibara ku mutemere.