Amakuru
12 mai 2023

Birateye isoni ku gihugu nka Tanzaniya kutubahiriza amasezerano y’impunzi

Inyuruzwa ry’impunzi z’Abarundi n’igipolisi ca Tanzaniya ni ikintu giteye isoni ku gihugu cashize umukono ku masezerano y’ugukingira impunzi. Iryo nyuruzwa ryiyamirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR). Ivyo akaba avyiyamiriza mu gihe mw’ijoro ryo ku wa 5 rishira uwa 6 Rusama, ico gipolisi canyuruje Abarundi bagera kuri batanu. Urwo runani rugasaba leta ya Tanzaniya kudakora amabi nk’ayo ahubwo ikubahiriza amasezerano yo gukingira impunzi yashizeko umukono.