Amakuru
26 août 2022

Birateye impungenge uko abasirikare b’Abarundi bari hafi y’amakambi y’impunzi z’Abarundi muri Congo

Impunzi z’Abarundi ziba muri Congo zirageramiwe, kubera abasirikare baheruka kurungikwa muri ico gihugu bashikiye hafi y’amakambi izo mpunzi zirimwo. Izo ni impungenge z’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi. Ku bwa Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH/VICAR, ngo ntivyumvikana na gato. Ngo kuko izo mpunzi zahunze ihohoterwa zakorerwa n’abo basirikare nyene, be n’Imbonerakure zibaherekeje muri ico gihugu.