Abayobozi b’Uburundi boba bafise ubushobozi bwo gutwara Abarundi ku neza ? Ico ni co kibazo cabajijwe Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, umwepiskopi wa diyoseze ya Muyinga, mu gihe yariko asoma imisa yugurura indwi y’amasengesho yateguwe n’umukuru w’Igihugu, aho hari ku munsi wa mbere. Musenyeri Ntahondereye yabwiye abategetsi bari aho ko bitoroshe na mba kwigenza rupfasoni ku bo uyoboye, kuko bisaba ukwihangana kwinshi.
Amakuru
28 décembre 2022