Uno mwaka imvura izotasura hagati y’itariki 10 Nyakanga n’itariki 10 Gitugutu mu Burundi. Bivugwa n’ikigo kijejwe ihindagurika ry’ibihe IGEBU. Mu nama yatunganijwe n’ico kigo kuri uyu wa gatatu, Déogratias Babonwanayo, umukuru wa IGEBU, yamenyesheje ko mu ntara kama za Mugamba na Buyenzi ariho imvura izotasura kare gusumba izindi ntara.
Amakuru
3 septembre 2021
