Ubutegetsi budashingiye ku mategeko, ubutungane bwugarijwe n’igiturire, ubwicanyi butandukanye hamwe n’ubuzima buzimvye, ni bimwe mu biranga ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ni ko bibonwa n’urunani rw’abanyepolitike batavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Mw’ijambo yashikirije Abarundi abipfuriza umwaka mushasha, Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, asanga abategetsi bahari batitayeho ineza y’abo barongoye. Agasaba ko hotunganywa ibiganiro vya politike bidakumira kugira higwe ibibazo nyamukuru bihanze Uburundi kugira iterambere rishikweko.
Amakuru
3 janvier 2023
