Amakuru
20 mai 2023

Birakenewe cane gutsimbataza umutekano canke kwimurira ahandi impunzi z’Abarundi ziba muri Congo

Harageze ko leta ya Congo yikubita agashi igacungera umutekano w’impunzi z’Abarundi. Ako kamo gaterwa n’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi. CBDH/VICAR ikaba yiyamiriza ikubagurwa impunzi zo mw’ikambi ya Lusenda mu buseruko bwa Congo zimaze iminsi zikorerwa n’umurwi witwaje ibirwanisho w’Abamayimayi kandi izuba riva. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, ahamagarira kandi ishirahamwe HCR gukora ibishoboka kugira hafatwe ingingo zikwiye ngo uwo mutekano w’impunzi uboneke.