Abarundi b’umutima bafise ishaka ntibabuze kugira bafashe kuronsa intebe amashure kubera leta vyayinaniye. Libérat Ntibashirakandi abivuze inyuma y’akamo katewe n’umwigisha wo kw’ishure shingiro rya Nyentumba, umusozi Marumpu, komine Mugina mu ntara ya Cibitoke. Uwo mwigisha yashize ireresi ku buhinga ngurukanabumenyi aho yerekana ingene iryo shure ribuze vyose. Kubwa Libérat Ntibashirakandi, kwigisha abana muri ubwo buryo, ngo ni ukubicira kazoza, navyo bikazogira ingaruka mbi no ku gihugu.
Amakuru
1 octobre 2021